Kuki bishobora kutoroha gutuza inzoga zitubahiriza amategeko mu Burundi? || BBC News Gahuza

BBC News Gahuza

BBC News Gahuza

7,912 views

Imvo n'imvano yerekeye inzoga n'amahinguriro vyahagaritswe kuko bitubahirije amategeko.
Iyo ngingo yafashwe haciye igihe Umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka, hamwe n’abandi bategetsi batandukanye bari bamaze kwiyamiriza izo nzoga.
Bose bavuga ko ziriko zirabangamira amagara by’abanyagihugu, na cane cane urwaruka.
Hari abavuga ko iyo ngingo y’ubushikiranganji buraba ubudandaji ije hageze, ariko hari n’abandi bavuga itagira ingingo z’imperekeza mu kuyishira mu ngiro.  
Nta co ivuga ku badandaza bari baranguye izo nzoga mu mahinguro, nimba bazoshumbushwa canke bazotaha zirayoye.
Abari barashize imitahe mu mahinguriro yo kuzikora,  abo zari zarahaye akazi, bo babaye abande?
Abo izo nzoga zagizeko ingaruka bo ni nde azobitaho?
Abo bazosanga baragize uruhara  mu kuzikora barenze ku mategeko, bazofatirwa izihe ngingo?
Igihe abazikora barenza urugero bemerewe,  zigashorwa mu gihugu, abantu bakazinywa bakamererwa nabi, abajejwe kugenzura bari he? Kanda hano ukore subscribe 👉🏾 @bbcnewsgahuza
00:00:00-00:02:30 Intangamarara
00:02:30 Kuki hafashwe ingingo yo guhagarika inzoga zitubahirije amategeko n’inganda zizikora?
00:15:19 Amashirahamwe ya Olucom na Alushoto yakiriye gute ingingo yo guhagarika izo nzoga?
00:18:08 Ishirahamwe Alushoto risaba ko abari baranguye izo nzoga bashumbushwa.
00:21:30 Ubushikiranganji bw’ubudandaji buvuga iki kuvyo amashirahamwe Olucom na Alushoto avuga ko amahinguriro akora izo nzoga ari ayo ibihangange vyo muri reta?
00:31:09 Ishirahamwe ry’abahingura inzoga ASSASIBU risaba ko batofatirwa mu kivunga.
00:48:22 Gusozera n’impanuro


#BBCNewsGahuza
-----------------------
Iyi ni YouTube channel nyakuri ya BBC News Gahuza.
Ukeneye kureba video ku makuru y’akarere n’amahanga mu buryo butabogamye? Wageze aho biri.
BBC ni yo soko y’amakuru yizerwa kurusha ayandi masoko ku isi.
Aha tuzakugezaho inkuru mbarankuru, inkuru z’icukumbura, ibiganiro n’ibyamamare, video zisobanura ibintu, ku ngingo zikureba zirimo imyidagaduro, imikino, politike, ubugeni, siyanse, ubuzima, byose mu rurimi wumva.

Urakoze gukora subscribe kuri channel yacu. Niba ukunda ibi dukora dusange na hano:

BBC News Gahuza website 👉🏾 https://www.bbc.com/gahuza
Facebook 👉🏾 Facebook: BBCnewsgahuza
Twitter 👉🏾 https://x.com/bbcgahuza
WhatsApp 👉🏾 bbc.in/47y8V4j